Umurundi yahora aba mw’ikambi y’impunzi ya Kavimvira yishwe

0

Umugabo w’umurundi yahora aba mw’ikambi y’impunzi y’i Kavumvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yishwe n’abantu bataramenyekana, abo bantu bakaba bahuriye nawe hanze y’iyo kambi.

Uwo mugabo w’imyaka irenga mirongo itanu yahamagawe kw’iterefone n’umuntu ataramenyekana, ageze hanze y’iyo kambi akaba ariho yafatwa, acumitwa imbugita nyishi.

Ikiziga ciwe catowe hafi y’iyo kambi y’impunzi, kuri uwu wa kabiri.

Abarundi bo mw’ikambi y’impunzi y’i Kavimvira basaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa, bagasaba kandi ko bokwungururizwa mu yindi kambi, kure y’ico gihugu, aho boronka umutekano wabo ukwiye.