Inama ya COMESA n’ubu iracetera Impari, mbere no kuri Twitter.

0

Mu gihe Inama ya COMESA yari itegekanijwe kubera mu Burundi yimuriwe kubera i Lusaka ku murwa mukuru wa Zambia, biragaragara ko n’ubu leta y’uburundi n’ubu itakibona kumwe ibintu n’uwo muryango COMESA.

Mu butumwa bwashikirijwe biciye kuri Twitter ya COMESA bwamenyesheje ku wa 14 Mukakaro 2018 ko Inama ya COMESA igira 38 yatanguye, hari umuhora wa Twitter witwa iBurundi washizwemwona COMESA muri ubwo butumwa(ico bita tagging), umuhora usanzwe ubonwa ko uvuga ibitaza bihimbara leta y’uburundi.

Ikinyamakuru cegereye cane Ubutegetsi bw’Uburundi,Ikiriho, caratangaye kiramenyesha uko kuntu COMESA yashize mu butumwa bwaco uwo muhora iBurundi.

Uwundi mutegetsi wo muri leta y’Uburundi, willy Nyamitwe, yanditse nyene kuri Twitter atangara ukuntu COMESA yokora ivyo mu gutanga ubwo butumwa ku “bantu batavugwa izina, batazwi, aho gutanga ubutumwa ku bo muri Leta y’Uburundi…”.

Abakoresha uwo muhora wateye impari iBurundi bakaba baciye basubiza Willy Nyamitwe ko nyabuna atari ‘abantu batazwi,… ko Leta y’Uburundi ibandanya yitegurira Inama ya COMESA iza iriko ibera muri Zambia…’.