Yoweri MUSEVENI ntakiri umuhuza mu biganiro vy’abarundi

0

Mu nama isanzwe igira 17 yabereye mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa gatatu, abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bashizeho umuhuza mushasha mu biganiro bihuza Abarundi. Muri iyo nama, harimwo kandi ikibazo c’umutekano muke uri mu Burundi cizwe n’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Mu kibanza cahoramwo umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri KAGUTA MUSEVENI, yashizwe Benjamin Mkapa wo mu gihugu ca Tanzaniya, akaba yigeze n’ukuba umukuru w’igihugu wa Tanzaniya. Yahawe kuba umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi.

mka

Muri iyo nama igira 17 y’abakuru b’ibihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko (East African Community), Libérat MFUMUKEKO yatowe kuba umunyamabanga mushasha w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko EAC. Uwo yigeze kuba umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO agiye mu kibanza cahoramwo umunyarwanda, Richard SEZIBERA, aheruka gusozera ikiringo ciwe.

libe

Sudani y’Epfo nayo yemejwe nk’umunyamuryango mushasha, uba igihugu ca gatandatu cinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, inyuma ya Kenya, Uganda, Tanzania, Urwanda n’ Uburundi.

Izo ngingo zose zafashwe mu nama ya 17 y’abakuru b’ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y’ubuseruko yebereye i Arusha muri Tanzania kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 2 Ntwarante 2016, aho mukamenya ko muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yari yaserukiwe na Joseph BUTORE, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

anti