Menya vyinshi kuri Benjamin Mkapa, umuhuza mushasha mu bibazo vy’Abarundi

0

Benjamin Mkapa, umuhuza mushasha mu biganiro vy’abarundi yabaye umukuru w’igihugu wa Tanzaniya agira gatatu kuva mu mwaka w’1995 gushika mu mwaka w’2005. Benjamin Mkapa azwi nk’uwagize uruhara mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha yazaniye amahoro Abarundi inyuma y’imyaka irenga cumi bari bamaze mu ntambara.

Benjamin Mkapa w’imyaka 77 yavutse kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 1938, akaba yararongoye umugambwe CCM (Chama Cha Mapinduzi) uri ku butegetsi muri Tanzaniya, ari nawo mugambwe ukomokamwo umukuru w’igihugu wa Tanzaniya John MAGUFULI hamwe n’uwahora aramutswa ico gihugu Mrisho Jakaya Kikwete.

Ku biringo bibiri gusa yamaze ku butegetsi, Benjamin Mkaba azwi nk’uwadugije ku rugero ruboneka ubutunzi bwa Tanzaniya, akaba yaranabaye kabiri kose umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ibindi bihugu, imbere y’uko atorwa kuba umukuru w’igihugu.

Mu bijanye n’ibibazo vya poritike Uburundi burimwo, Benjamin Mkapa azwi nk’uwagize uruhara rukomeye mu mwaka w’2000 mw’ishirwaho ry’amasezerano ya Arusha, akaba yarafashanije mu buhuza, hamwe na Nelson Mandela.

mini

Benjamin Mkapa yatowe mu nama isanzwe igira 17 y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko yabereye mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa gatatu.