Monday, September 26, 2022
HomeNewsUwutwara ishure ryisumbuye rya Rutovu yishwe arashwe

Uwutwara ishure ryisumbuye rya Rutovu yishwe arashwe

Nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, abantu batamenyekanye barashe umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryo mu Rutovu, mu ntara ya Bururi.

Furera Siriveri Nemerimana asanzwe ariwe yaramutswa ishure ryisumbuye rya Rutovu yarashwe amasasu menshi mu gikiriza, aca yitaba Imana.

Uwo muyobozi yarashwe mu gihe yari atashe, avuye mu birori vy’ugusangira urukanwa n’abigisha arongoye, aho akaba ari mu gihe bari bahejeje gutanga amanota y’ugusozera umwaka, ku banyeshure b’ishure ryisumbuye rya Rutovu.

Mu giporisi mu rutovu bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abagandaguye uwo muyobozi bamenyekane.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...