Uwahoze atwara Uburundi Jean Baptiste BAGAZA yapfuye

0

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Jean Baptiste BAGAZA yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 4 Rusama 2016, akaba yapfiriye mu bitaro vyitiriwe umweranda Elisabeth biri mu gisagara ca Bruxelles mu Bubirigi.

Amakuru y’urupfu rwa Colonel Jean Baptiste BAGAZA yabanje gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi kuva kuri uwu wa kabiri, ariko akabeshuzwa n’umuryango wiwe. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu akaba ariho uwo yahoze arongoye Uburundi yacikana.

dep

Jean Baptiste BAGAZA yavutse mu mwaka w’1946, akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.

Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto, imbere y’uko afata ubutegetsi, akaba yize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi.

Jean Baptiste BAGAZA yaciye aguma ku butegetsi gushika mu mwaka w’1987, aho nawe ubutegetsi bwiwe bwasenyurwa, mu gihe yari mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Canada.

Uwo yari umukenguzamakeka w’Uburundi, ni umututsi avuka mu ntara ya Bururi. Muri kahise k’Uburundi n’abarundi mu butandukane bwabo, Jean Baptiste BAGAZA azwi nk’uwaranguye ibikorwa vyinshi n’ubu Abarundi bakigenderako, haba mu bijanye n’inyubako hamwe n’indero. Akigoro kiwe katumye ibitigiri vy’abana baja kw’ishure mu mashuri y’intango biva ku bice 19 bishika ku bice 85 kw’ijana hagati y’umwaka wa 1976 na 1986, nkuko ibiharuro vyo mw’ibanki y’isi yose vyo mu mwaka wa 1987 bivyerekana.

sav

Inyubako nyinshi zibonekeza nk’amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, amavomo, ibitaro, amavuriro, amashuri, amatonorero y’ikawa, amashirahamwe yo gutumatumanako n’ibindi vyubatswe ku ntwaro ya Jean Baptiste Bagaza.

Hagati y’imyaka ya 1976 na 1987, umwimbu w’ikawa warongerekanye ku ncuro zishika kuri zine bivuye ku gikorwa co gusubiriza ibiti vy’ikawa bishaje cakozwe ku ntwaro y’uwo mukuru w’igihugu yitavye Imana.

Jean Baptiste BAGAZA akaba yashira imbere cane iciyumviro co kuziganya mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu, ari naco catumye ashiraho itegeko ko umuntu wese ategerezwa kuziganya. Iyo poritike y’iterambere muvy’ubutunzi ikaba yari ishigikiwe n’ibanki y’isi yose, ibihugu vy’iburaya, Ubushinwa hamwe n’ibihugu vy’abarabu.

Igikorwa atashitseko neza ku butegetsi bwiwe, cari igikorwa co kwegeraniriza abantu mu bigwati no kuja mu makoperative, kuko ufatiye ku mico y’Abarundi ico gihe, ntibabitahura.

Mu bijanye na poritike, naho nyene indyane z’amoko hagati y’abahutu n’abatutsi asa nuko yazihoreye ku ntwaro yiwe, ntaworeka kuvuga ukutumvikana kwabaye hagati yiwe na ekereziya Gatorika. Ku ntwaro yiwe, zimwe mu mpunzi z’abahutu zari zahunze ubwicanyi bwo muri 1972 zaratahutse mu gihugu.

visi

Mu bijanye n’imigenderanire, Jean Baptiste Bagaza yakoresheje Poritike yo gukorana cane n’abafasha muvy’ubutunzi.

Mu mwaka w’1987, inyuma y’aho akuriwe ku butegetsi na Major Pierre Buyoya, Colonel Jean Baptiste BAGAZA yaciye ahunga. Yahungutse inyuma y’amatora yatsinzwe na Ndadaye Melchior, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu mu Burundi, n’aho atagize amahirwe y’ukurongora Uburundi mu kiringo yari yatirewe, kuko yaciye agandagurwa.

Mu ntumbero y’ukubandanya ibikorwa vya poritike, Jean Baptiste BAGAZA yaciye ashinga umugambwe PARENA, akaba asezeye isi akiri umukenguzamateka, uburenganzira butangwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ku muntu wese yabaye umukuru w’igihugu.