Uwahoze Ari Umukuru w’Igihugu, Domitien NDAYIZEYE, Aragabishwa N’Umugambwe Uri ku Butegetsi CNDD-FDD.

0

Mu myiyerekano idasanzwe yakozwe ku musi wa gatandatu yatunganijwe n’umugambwe uri ku butegetsi mu gisagara ca Bujumbura, Uwuserukira imbonerakure ku rwego rw’igihugu, Sylvestre Ndayizeye, yaragabishije uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Domitien Ndayizeye, bivanye n’amajambo iyo nzobere mu vya politike y’igihugu yavuze ko hazoba uguhagurukira rimwe maze bakiyamiriza ibikorwa nintwaro, ku buryo yagabishijwe ko ‘azokorerwako’.

Sylvestre Ndayizeye avuga ati : « Uyo mutama[Domitien Ndayizeye] nta cigwa na kimwe yoha imbonerakure…. Kutwita ko turi abahekabwenge si vyo muga nibaza ko yihenze kuko ivyo bibaho kwihenda…. Ashaka kumenyesha ko urwaruka rwitanze kugira igihugu kimere nkuko kiri ubu , ari ibimuga, abandi bakaba bagwaye akabonge bivanye nivyo baciyemwo ».

Domitien Ndayizeye

Sylvestre Ndayizeye aragabisha Domitien Ndayizeye, akongera akanamwagiriza gushaka gusambura umugambwe CNDD-FDD mu kuba yarashatse kwifadikanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, mu gushinga urunani RANAC rwari rushize hamwe na CNARED. Sylvestre Ndayizeye yavuze ati : «Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababiligi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe. Hamwe atohagarika tuzomukorerako ».

Uyo yahoze ari umukuru w’igihugu,Domitien Ndayizeye, yari yagize ico avuga ku vyerekeye imyiyerekano ikomeye yabaye mu Ntara ya Muramvya yateguwe n’ubutegetsi. Domitien Ndayizeye yari yavuze ati : « Numva bavuga ko bazoja i Kigali, mbega Abanya Rwanda nabo bazoba bareze amaboko ? ». Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu akaba yariko yiyamiriza ayo majambo kenshi avugwa n’urwo rwaruka ruba rwatwawe n’inyiyumvo.