Ukutabona Ibintu Kumwe Hagati Ya Rwasa Agathon Na FNL Yemewe n’Ubutegetsi.

0

Ku musi wa gatandatu itariki 22 Mukakaro 2017, umunyamabanga w’umugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi bw’I Bujumbura, Jeanne Ndimubandi, yamenyesheje ko demokrasi yasasagaye mu Burundi kubera ko Uburundi butwarwa n’umuhutu. Ariko rero ayo majambo ntiyabonywe neza n’umukuru w’urunani Amizero y’Abarundi, Agathon Rwasa, maze akaba adahuza niyo mvugo.

Agathon Rwasa abona ko ayo majambo ashoora kuvyura inzankano. Rwasa Abandanya avuga ko gahutu Remy, uwatanguje umugambwe FNL( Front National de Libération), yawutanguje ku bwikibano ciza ,atari ikibano gishingiye ku bwoko.

Agathon Rwasa

Rwasa Agathon,Uyo yahoze ari umurwanyi, ubu akaba ari icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka, akaba mbere yiyamiriza amajambo yuwo munyabanga wa FNL yemewe n’Ubutegetsi avuga ko urunani Amizero y’Abarundi rushaka gushikira ubutegetsi ku nguvu.

Rwasa amenyesha ko ‘umutegetsi wese yoshaka gutwaza igikenye ngo nuko yitwaje ubwoko bwiwe ntaho vyoshikana Uburundi n’abarundi…Aravuga ko ‘hari impunzi nyinshi kandi z’abahutu zahunze igihugu kandi Ubutegetsi buhari butwarwa n’umuhutu’, gutyo akabona ko amajambo nkayo ari ayaza acanishamawo gusa atana kimwe yubaka.