Uwagirizwa ubusuma yafatiwe mu nzu y’abadandaza umubiri

0

Umuntu yagirizwa ko ari umusuma yafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, muri zone ya Buyenzi, igisagara ca Bujumbura, mu nzu y’uburaro izwi kw’izina ryo « Kwa Mukono. »

Uwo muntu yafatanwe igikinisho kimeze nk’inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, akaba yafatiwe kw’ibarabara rya 25.

Iyo nzu y’uburaro izwi kw’izina ryo « Kwa Mukono » isanzwe ivugwa ko ikorerwamwo ubusambanyi rw’abadandaza umubiri, hakaba kandi hakunze gukorerwa n’ubusuma, aho usanga uwuba yagiye kurondera uwudandaza umubiri yibwe ivyo yari afise yaba amafaranga canke ibindi bikoresho vy’agaciro.