ONU isaba ko haba ‘umwumvikano mu Burundi imbere y’amatora ya 2020’.

0

Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU yarasubiriye kunebagura uko ikibazo c’ibiganiro bihuza abarundi biriko bigenda hagati ya Leta y’Uburundi n’abatavuga rumwe na Leta naho umukuru w’igihugu ahari ubu yamenyesheje ko atazosubira kwitoza mu mwaka wa 2020.

Mw’itangazo Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU yamenyeshereje hamwe, Iyo Nama ikaba yarakengurutse cane itangazo rya Nkurunziza ryo kutitoza mu mwaka wa 2020, ariko yongerako ivuga ko “izindi ntambwe zikwiye guterwa kugira habe amatora yizewe na bose ya 2020”.

Inama y’Umutekano ya ONU ikaba yaramenyesheje ko hari “utwigoro duto cane” ku bijanye n’ibiganiro bihuza Abarundi”, maze yongerako kandi ko “ari ngirkamaro ko impande zose zicara, na cane cane Leta y’Uburundi, zifashanya na EAC kugira hashikweko amasezerano neza imbere y’amatora ya 2020.

Muri iryo tangazo, Inama y’umutekano ya ONU ikaba yamenyesheje ko ‘Leta y’uburundi yanse kuyaga na bamwe mu batavuga rumwe nayo yita “ba gaterabwoba”.

Amatora akwiye kuba aciye mumuco kandi ahurikiyemwo bose mu mwidegemvyo ata wandya wangura, harimwo imigambwe yose ya politike, maze hakiyemezwa neza ko abakenyezi bayagizemwo uruhara nyarwo, niko iryo tangazo ry’Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU ryamenyesheje.