Imiliyoni zirenga zibiri z’Amadolari nizo zigiye gufasha abarembejwe na kigoyi mu Burundi.

0

Ishirahamwe ryo mu gihugu co mu bwongereza, Concern worldwide ryamenyesheje ko ryiyemeje gusohora amafaranga arenga imiliyoni zibiri z’amadolari( nk’amarundi ashika ku miliyaridi zitandatu) yo gufasha abantu babangamiwe na kigoyi mu Burundi hamwe no guhangana n’ihindagurika ry’ikirere mu Burundi.

Concern Worldwide ikaba yatangaje ko ayo mafaranga azokoreshwa mu guhangana n’inzara iremebeje Abarundi. Concern ikamenyesha ko abarundi barenga umuliyoni umwe n’ibice indwi ni kuvuga hafi imiiyoni zibiri bahanzwe na kigoyi kandiko umwana uwo ariwese ari munsi y’imyaka itanu mu Burundi afungura nabi mu Burundi.

Uwuhagarariye Concern Worldwide mu bwongereza, Rose Caldwell, yamenyesheje ati: ” Turahimbawe cane n’abatererye cane kugira haranduranwe n’imizi ugufungura nabi mu bana hamwe n’izindi ngorane mu gihugu c’Uburundi. Ni gusa biciye mu gutanga cane kugira twiyemeze neza kazoza k’abantu bahanzwe cane n’ingorane mu Burundi”.

Tukamenya ko ubu Uburundi buza mu kibanza ca mbere kw’isi mu bihugu bikenye. FMI ishira ahabona ko umunyagihugu uwo ariwese mu Burundi bagize incahagati yiswe GDP,biboneka ko umurundi umwe atunzwe n’amadolari ashika ku 280 ku mwaka( amafaranga nk’amajana indwi ku musi canke adashika), aho rero ntituvuze n’ababura nayo hama bakararana inzara bakanyirirwana.