Impamvu Hillary Clinton yatowe n’abantu benshi ariko akaba atatsinze amatora.

0

US-VOTE-CLINTON

Hillary Clinton niwe yatowe nabantu benshi cane kurusha Donald Trump ariko ntibisigura ko ariwe yatsinze amatora.

Hillary Clinton: 59,814,018 votes
Donald Trump: 59,611,678 votes

Nukuvuga ko hano muri America bitandukanye cane no muri Africa kuko bo ntabwo baraba ubwinshi ( Popular vote ) bwabantu bagutoye ahubwo baraba intara ( states ) watsinze muko zingana ( Electoral College )

Donald Trump Hosts Nevada Caucus Night Watch Party In Las Vegas

America igizwe n’intara 50, Donald Trump akaba yatsinze 30 , hanyuma Clinton nawe 20

Kugira utsinde amatora muri America nuko ukwiza amanota ( 270 ) , kira ntara ( state ) uko uyitsinze uyibonamwo amanota atandukanye , urugero iyo utsinze intara ya Texas , uyibonamwo amanota ( 34 ) , New york ukayironkamwo amanota ( 31 ) California (55 ) Arizona (10 ) , nico gituma rero abahiganirwa umwanya w”umukuru wigihugu bagerageza uko bashoboye kugira batsinde izo ntara zirimwo amanota menshi.

Tugarutse kurano matora, urekanye nuko Donald Trump yatsinze intara nyishi ariko kandi intara yagiye atsinda yagiye arazironkamwo amanota menshi kurusha izo Hillary Clinton yatsinze , akaba ariyo mpamvu vyamworoheye cane gukwiza yamanota 270 asabwa kuko we yaranayarengeje aho yaronse ( 279 ), Hillary nawe aronka 228.

election

UBM News, tubibutse ko buno buryo ( System ) y’ukuntu umuntu atsindira umwanya w’umukuru w’igihugu muri America hari bamwe bayishima hamwe nabandi bayirwanya cane.