Dj Pro mu myiteguro y’igiteramo mu gihugu ciwe c’Amavukiro

0

Dj Pro umuririmvyi w’umurundi asanzwe ari mu gihugu ca Afrika y’Epfo agiye kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro aje guteramisha abakunzi biwe na cane cane abakunzi b’umuziki w’uburundi muri rusangi
dj-pro-1
izoba ari ku munsi wa gatandatu igeneekerezo rya 17/12/2012 mu nzu y’ubutambiro ya Havana Night,

Dj Pro akazoba ashigikiwe n’abaririmvyi bagenzi biwe nka:
Black G,Emery Sun,Kebby Boy hamwe na Mr Champagne,aho kwinjira azoba ari amafaranga 25000 harimwo ico kunwa n’imfungurwa mu gihe kuwuzotanga 50000 hazoba harimwo imfungurwa,icokunwa n’amafoto

Tworangiza tubamenyesha ko ikinyamakuru Ubmnews kizoza kirababwira ku munsi ku munsi aho myiteguro igeze yico giteramo