UBM News ads

Urwanda rukorana n’imihari y’iterabwoba itera uburundi-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye yasubiye kwagiriza urwanda gukorana no gushigikira imihari y’iterabwoba iza guhungabanya umutekano mu Burundi irwiriyemwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza muri 2015.

Evariste Ndayishimiye akemeza ko imipaka uburundi buhana n’urwanda izobandanya yugawe gushika urwanda rutanze abo yise aba putschistes.

Mu kiganiro Evariste Ndayishimiye yagiranye n’imboeshakure le Journal Afrique TV5 monde kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 kigarama 2024 inyuma y’ikiyago(Table ronde)c’abanyamitahe,Evariste Ndayishimiye yaragarutse ku mubano w’uburundi n’igihugu c’urwanda.

Yishura kukibazo c’umumenyeshamakuru nimba uburundi bwimirije kwugurura imipaka,Evariste Ndayishimiye yavuze ko imipaka idashobora kwugururwa mu gihe urwanda rwase gutanga abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza muri 2015.

Evariste Ndayishimiye avuga ko ataco atagize kugira urwanda rwemere rubatange ariko bikanka.

Prezida Ndayishimiye avuga ko yaganiriye na prezida Kagame kandi aravyemera ko azobatanga,imirwi y’abahinga nayo yahuye incuro zirenga 2 bayaga bahuza ariko hageze ko bashira mungiro bikagorana.

Ikibabaje kubwa Evariste Ndayishimiye nuko urwanda rwase kubishira mu ngiro rugaca rushigikira imihari y’iterabwoba aho urwanda arirwo ruyigaburira,rukayifasha,rukayiha inyigisho.Abo barwanyi bakaza gutera uburundi bagasubira mu rwanda.

Varisto Ndayishimiye ati kugira dukingire abarundi twahisemwo kwugara imbibe uburundi buhana n’urwanda kandi ntizokwugururwa urwanda rudatanze abo bashatse gutembagaza ubutegetsi ngo bacirirwe imanza

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments