UBM News ads

Mbega Agateka ka zina muntu kifashe gute mu Burundi?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko uburundi kiri mu bihugu birimwo umwidegemvyo urenze kuko ushobora kuvuga ivyo ushatse ukanegura n’abategetsi ntihagire ico uba.

Ndayishimiye atanga akarorero ukuntu abanyagihugu bamwihamagarira kuri telephone bakamubwira ikibazo hama akagikemura,kubwiwe ibi nti biri mu bihugu vyose.

Evariste Ndayishimiye yemeza ko uburundi ari igihugu kirimwo umwidegemvyo kuko uvuga ivyo ushatse,ushobora no kunegura abategetsi ntihagire ico uba ibi yabishikirije kumboneshakure le journal TV5 le monde kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 kigarama 2024.

Kubwa Evariste Ndayishimiye,n”ibihugu bike kw’isi uzosanga prezida aganira n’abanyagihugu kuri telefone bakamubwira ikibazo kihari nawe agaca agikemura.Agira ati:”Iyo hari ikibazo Mesage iba ishitse hama ikibazo kigatorerwa umuti.”

Ndayishimiye akamenyesha ko ibi ari bimwe mu bimenyetso vyerekana ko mu burundi hari umwidegemvyo.

Kuvyerekeye ama raporo ashikirizwa n’amashirahamwe human right watch na Amnisty international kuvyerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu,Varisto Ndayishimiye yemeza ko ivyo ayo mashirahamwe ashikiriza ari ibinyoma gusa!

Vyongeye ayo mashirahamwe yarakoranye cane n’abashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2015.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments