Urunani CNARED Ruriyamiriza Ivyashikirijwe na Museveni na Magufuli Ku Bijanye Na CPI Ku Burundi.

0

Mu rwandiko urwo runani rutavuga rumwe na Leta y’Uburundi rwashize ahabona, urwo runani rurakirana akanyamamuneza ingingo ya ya Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu y’i La Haye yo gutangura gukora amatohoza nyezina ku mabi yoba yarakozwe mu gihugu c’Uburundi kuva muri Ndamukiza 2015 gushika muri Gitugutu 2017.

Ariko abakuru b’ibihugu vya Uganda na Tanzaniya aribo, Yoweli Kaguta Museveni na John Pombe Magufuli bariyamirije bivuye inyuma ukwo gufata ingingo kwa CPI ku gihugu c’Uburundi ‘ata wurinze kugishwa inama’, ko ayo matohoza ya CPI aza yunyura nivyari bimaze kuryohorwa.

Kuri leta y’Uburundi yoyo yarashimye iyo mpagararo y’abo bategetsi babiri ba EAC, ariko abatavuga rumwe na leta bobo bahurikiye mu runani CNARED bariyamirije iyo mvugo ya Magufuli na Museveni yokubuza ko amatohoza ya CPI yoba ku Burundi. Urunani CNARED rukaba rwasavye abo bategetsi ba EAC ibintu bibiri :

Ica mbere : kwumvisha ubutegetsi bw’i Bujumbura guhagarika umugambbi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, ibigaragara ko bigzotuma Pierre Nkurunziza aguma kubutegetsi. Ica kabiri : kwumvisha leta y’Uburundi kwicarana n’abatavuga rumwe na leta mu biganiro ata kirinze gusabwa.

Hari nabandi bibajije ikibazo igituma abo bategstsi babiri ba EAC batahaserutse igihe amagume yatangura mu mwaka wa 2015. Bikamenywa ko hari n’abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi ariko bari muri leta bariko barakora ibishoboka vyose kugira amasezerano y’i Arusha ntazimanganywe.