Uburundi Bugiye Gukoresha Agasho Bwa ‘Kibanza co Kwigisha Umufungwa’.

0

Mu makuru UBM News ikesha ikinyamakuru Xinhua, igihugu c’Uburundi kirafse umugambi wo gukoresha agasho bwa « kibanza co kwigisha no gusubirana kw’uwaciriwe urubanza » kugira uyo mufungwa ashobore gusubira kubaho neza mu kibano, niko Aimée-Laurentine Kanyana, Umushikiranganji w’Ubutungane yamenyesheje imbere y’Abakenguzamateka b’Uburundi.

Nkuko Africa Time yabigarutseko, Umushikiranganji Kanyana, uwariko avuga ku bijanye n’itegeko rigengwa abafungwa, yaramenyesheje ko Uburundi bwemeje iryo tegeko, bwoba buruko bwerekana ko buriko bukurikiza amategeko mpuzamkungu mu bijanye n’ukuntu abafunzwe bakwiye kumererwa.

Aimée-Laurentine Kanyana yameneysheje Abakenguzamateka ati : « Mu bijanye n’ibintu bishasha, hariho intumbero yo gutegura abafungwa kubwo kubaho neza kandi mu kibano, kugira bagire ico bimariye bo ubwabo hamwe n’ikibano inyuma yo kurangiza igihano cabo mu gasho ».

Kanyana kandi yaramenyesheje ko mu bijanye no kuryohora imimerere yo mu busho mu Burundi, uburongozi bw’Ubusho buzogirwa ubwa none kandi bukore cane mu bijanye no gukurikiza amategeko ajanye n’isuku, ugufungura neza hamwe n’umutekano.

Aimée-Laurentine Kanyana yamenyesheje kandi ko mu bijanye na politike yo gucira imanza abagirizwa ivyaha, hagiye kuzoshirwaho ibibanza vyo gusubira kwigisha abana bafungwa bakiri bato, hamwe no gushiraho ibibanza abagore n’abakobwa bazoshirwamwo.