Urunani CNARED Rubandanya Rusaba Ibiganiro Bidakumira.

0

Kw’igenekerezo rya 14 gitugutu 2017, intumwa z’urunani CNARED-Giriteka zirongoqwe n’uwutwara urwo runani, Charles Nditije, zarakoze umubonano I Buraya n’Intumwa idasanzwe ya ONU Mu Burundi ari we Michel Kafando.

Muri uwo mubonano wabaye mu mutekano ntangere, Michel kafando yaramenyesheje ko ivyo yatumwe ku Burundi biriko biranguka neza hamwe n’ibimaze kuranguka.

Ku bwa CNARED-Giriteka, urwo runani rworwo rubandanya rwiyamiriza amabi abandanaya akorerwa mu Burundi, maze rukaba rwaramenyesheje Michele Kafando ko bikwiye kwihutisha ivyo gutorera umuti ikibazo c’Uburundi. Ku bwivyo, CNARED isaba ko hotunganywa ibiganiro bidakumira bihuza Abarundi bidatevye kandi ata kirinze gusabwa.

Michel kafando akaba yarasabwe ashimites ko hotunganywa ibiganiro bidakumira akandi ata wurinze gushiraho inzitizi. Kafando akaba yarasubiye kwiyemeza ko azokora ibishoboka vyose kugira ngo ikibazo c’Uburunndi gitorerwe umuti biciye ku mfashanyo y’ubuhuza bw’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Mwomenya kandi ko Charles Nditije, arongoye CNARED Giriteka, aheruka kumenyesha ko umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, ataco ariko arafasha mu bijanye n’ikibazo gihanze Uburundi, ahubwo ko ariko akorera ‘umugambwe CNDD-FDD na Leta Y’Uburundi’.