Ishirahamwe EAC Risabwa Gufasha Kenya Nk’Uko Vyagenze ku Burundi.

0

Abanyapolitike bihweza ibintu n’ibindi bo mu karere k’umuryango w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko( EAC) babona ko uyo muryango ukwiye gufasha cane mu kugarukana umutekano mu gihugu ca Kenya bivuye ku mvururu z’amatora ziharangwa nkuko ryabikoze ku gihugu c’Uburundi.

Umunyapolitike yigisha kuri kaminuza yo muri Tanzaniya, Mwesiga Baregu, , yabwiye ikinyamakuru The East African ati: “Ibintu vya politike vya kenya bikwiye kuganirirwa mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Ibihugu bigize uyu muryango bikwiye gufatana uburemere kino kibazo ca Kenya. Ibintu uko vyifashe birateye agahinda kandi bishobora kumera nabi kuruta”

Uhuru Kenyatta atwara igihugu ca Kenya aheruka kumenyesha ko ‘Kenya idakeneye abanyamahanga bisuka mu matora ya Kenya’ na cane cane atunga agatoki Abanyaburaya n’ Abanyamerika.

Umudugararo mu vya politike no mu kibano wa kenya ushobora kwandukira ibindi bihugu vy’akarere bisanzwe navyo nyene biri mu midurumbanyo. Aho twovuga ibiriko biba mu Burundi, ibiriko biba muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, ibiriko biba Mu Rwanda, muri Tanzaniya aho hariko hateguwa guhindura ibwiriza Shingiro kugira ibiringo vy’umukuru w’iguhugu bihave, ibiriko biba muri Ouganda, muri Sudani y’Epfo. Mu bihugu vyose vy’akarere hari imivurungano cane cane aturutse ku matora kubera ko abatwara ivyo bihugu badashaka kuva ku butegetsi.

Igihugu ca kenya kikaba kije gihamvya igihugu c’Uburundi na Sudani y’Epfo mu bihugu aho imvururu za politike ziriko zigira ingaruka mbi ku bihugu vya Uganda, Rwanda na Tanzaniya. Ivy’ubudandaji bikaba bimaze gutangura kumera nabi mu karere bivanye nizo mvururu zo muri kenya,nkuko abihweza ibintu n’ibindi babimeyesha.