Urunani Amizero y’Abarundi ntirwitavye amatora yo gushiraho CENI nshasha.

0

Kuri uyu musi wa gatatu itariki 29 Myandagaro 2018, niho Inama nshingamateka y’Uburundi yatora kandi iremeza ku mugaragaro abantu bagize umurwi utegura amatora mu Burundi CENI.

Ariko rero, ayo matora akaba yabaye mu gihe abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi bari banse kwitaba ayo matora kubera ko ‘batagishijwe inama‘.

Abo bagenywe kuja muri uyo murwi akaba ari bashasha maze bakazotegura bongere batunganye amatora ya 2020.

https://twitter.com/nshingamateka/status/1034740523234480128

Mu mazina yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kugira binjire bushasha muri CENI hakaba harimwo n’abo mu Runani Amizero y’Abarundi ba Agathon Rwasa.

Abo batowe ni:Philippe Nzobonariba, Annonciate Niyonkuru, Jean Anastase Hicuburundi, Hyacinte Niyonzima, Serge Ndayiragije, Pierre-claver Kazihise na Marguerite Kamana .