UBM News ads

Amazina na bashasha bagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ahejeje kumenyekana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama nshingamateka ihejeje kwemeza mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu amazina indwi y’abantu bashasha bagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora. Ayo mazina yemejwe yarungitswe mu nama nshingamateka n’umukuru w’igihugu, ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri.

Bashasha bagize umurwi CENI ni Philippe NZOBONARIBA (Umuhutu) yahora ari umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Annonciate NIYONKURU( Umututsikazi), Jean Anastase HICUBURUNDI (Umuhutu), Hycinte NIYONZIMA (Umututsi), Serge NDAYIRAGIJE (Umututsi) asanzwe ari umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru, Pierre Claver KAZIHISE (Umuhutu) hamwe na Margerite KAMANA (Umuhutukazi).

Ayo mazina indwi yarungitswe mu nama nshingamateka yemejwe n’abashingamateka 91 kuri 92 bari bitavye ibikorwa, ni ukuvuga ibice 98.9 kw’ijana.

Mwomenya ko ivyo bikorwa bititabwe n’abashingamateka bo mu runani Amizero y’Abarundi. Bavuga ko batabajijwe mu kwegerana ayo mazina. Ayo mazina azoca arungikwa mu nama nkenguzamateka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments