Thursday, October 6, 2022
HomeNewsOFID yatanze Imiliyoni 20 US $ yo Gusanura ibarabara Rumonge-Nyanza Lac.

OFID yatanze Imiliyoni 20 US $ yo Gusanura ibarabara Rumonge-Nyanza Lac.

Ishirahamwe OFID rihurukiyemwo ibihugu bishora igitoro hanze vyongera rigafasha mu makungu( OPEC Fund for International Development) ryaraye risinye gutanga amafaranga angana na miliyoni z’amadolari y’abanyamerika anagana na 37,5 yo gufasha ibihugu bitatu arivyo Uburundi, Guinee Bissau na Uganda mu gufasha mu bijanye n’iterambere n’imibereho muri ibi bihugu uko ari bitatu vya Afrika.

OFID ikaba yashize ku ruhande imiliyoni 20 mu madolari y’abanyamerika( nk’amarundi arenga imiliyaridi 50) kugira habe isanurwa ry’ibarabara rya Rumonge-Nyanza Lac(ibarabara ryari ryarononekaye kubera ugusaza).

Iryo barababara ripima ibilometero 52 rizofasha mu bijanaye n’iterambere mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburundi hamwe no gukomeza ibijanye no guhana hana ibidandazwa biva Tanzania. Abantu bashika 340 000 bakaba aribo bitezwe kwungukira kuri iryo sanurwa ry’iryo barabara.

Umushikiranganji w’ikigega ca leta , Domitien Ndihokubwayo, akaba ariwe yasinye kuri ayo masezerano ya OFID. Umukuru wa OFID,Suleiman J Al-Herbish, akaba yarashimitse ku bijanye n’iterambere mu Burundi mu bijanye no kwiyunguruza ko bihamabaye cane.Iyo ikaba ari inkuru nziza ku bakoresha ibarabara rya Rumonge-Nyanza Lac.

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...