Paul KAGAME hamwe n’umugambwe wiwe FPR bifatiwe mu gahanga n’ubutegetsi bwa CNDD FDD

0

ITANGAZO NO 016/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD

Mu gihe ONU itegekanya abaporisi 228 barungikwa mu Burundi ku nguvu, Roméo Dallaire na Louise Arbour bariko batega imitego mu Karere Uburundi buherereyemwo.

1. Kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2016, Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU karafashe icemezo giteye isoni inomero 2303 ku majwi 11 mu gihe ayandi 4 ataco yabivuzeko. Ico cemezo cashitsweko mu kajagari ntangere. Ico cemezo caje kivuguruza icemezo inomero 2248 co ku wa 12 Munyonyo 2015 be n’icemezo inimero 2279 co ku wa 1 Ndamukiza 2016 mu bijanye no kwubahiriza Ubwigenge bw’igihugu, ukwikukira kw’Igihugu, imbibe zaco n’Ubumwe bw’Abarundi. Ico cemezo cafashwe Reta y’Uburundi itagishijwe inama nk’uko womengo Uburundi ntiburongowe n’inzego zitorewe n’Abenegihugu ;

2.Ako kajagari kibonekeje mu Kanama k’umutekano kw’Isi ka ONU, igihe bariko barafata ingingo zininahaza ibikorwa vy’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu kw’itariki ya 13 Rusama 2015, kaherekejwe n’amakuru amenyesha ko umunyakanada Roméo Dallaire yahoze arongoye za ngabo za MINUAR zari mu Rwanda kugira ngo zishikane FPR-Inkotanyi ku butegetsi mu 1994 be n’umunyakanadakazi Louise Arbour yahoze ari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare y’i Arusha (TPIR) mu gihugu ca Tanzaniya yari ijejwe kwemeza ihonyabwoko no gucira urubanza abatsinzwe ku butegetsi mu Rwanda, bariko baragendera ibihugu bimwe vya Afrika. Ayo makuru yasohotse mu kinyamakuru ngurukanabumenyi http: www.rcinet.ca co ku wa 8 Myandagaro 2016 kimenyesha ko abo banyakanada baje muri Afrika kugira baronderere isoko ingabo zabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro. Abo bantu babiri b’abanyakanada, kubona basubira kuvugwa mu Karere k’Ibiyaga binini no mu buseruko bwa Afrika si impanuka canke si ivyashitse giturumbuka, ahubwo bari ku bikorwa vy’iperereza no kurondera ababashigikira kugira ngo ingabo za ONU zize muri kimwe mu bihugu vyo muri kano karere, na cane cane mu Burundi ;

3. Ibikorwa bibi abakunzi ba demokarasi bibukirako Roméo Dallaire ni ivyo kuba yararongoye MINUAR mu Rwanda, agafasha FPR-Inkotanyi mu kuyishigikira no gushira mu ngiro vya vyiyumviro vy’ihonyabwoko Paul Kagame yagenderako, no mu kuyifasha muvya gisirikare. Nk’uko vyagiye biravurwa no kwandikwa bikandikwa n’abantu batari bake, uwo mugabo Roméo Dallaire na MINUAR yategeka mu Rwanda, niwe yinjije Inkotanyi mu muji wa Kigali azikuye aho bita ku Murindi akazishikana mu nama nshingamateka bita CND. Izo nkotanyi Roméo Dallaire yagenda azikura ku Murindi be n’ibirwanisho, akavuga ko bagiye gusenya inkwi MINUAR ikoresha n’izo Nkotanyi nkeya zababa amajana atanu (500) zari zemejwe n’amasezerano ya Arusha hagati ya Juvenal Habyarimana na Paul Kagame, ariko mu mwanya mutoya izo nkotanyi zahavuye zirenga kure n’iyo 2000 zifise n’ibirwanisho bikomakomeye zahabwa na MINUAR. Ikindi cavuzwe ni uko uwo Roméo Dallaire ahantu hose yashize ikirenge mu muji wa Kigali yagiye ahashinga ibikoho vya muzinga bikomakomeye, akaba yabisigiye inkotanyi za FPR igihe yiruka asubira iwabo, avuga ko ubutumwa (mission ) bwaheze, intambara ibaye. Ukugenda kwiwe rero na MINUAR kwerekana ko ubutumwa yari yahawe bwari buheze kuko ivyari bikenewe vyose kugira FPR-Inkotanyi ifate ubutegetsi vyari vyahejeje gushirwa mu ngiro. Bikumvikana rero ko, iyo hataba ugufashwa kwa FPR-Inkotanyi na Roméo Dallaire wa MINUAR, FPR-Inkotanyi itopfuye ifashe ubutegetsi mu Rwanda. Amarementanya y’ihonyabwoko ryategerezwa gusukwa kuri Reta yitwa ko yari iy’aba « Bantoue » b’abahutu yari yaramaze gutegekanywa no kwubakwa neza, hakaba hari hasigaye kuyashira mu ngiro. Paul Kagame rero, mu gutera Urwanda yisunze ihonyabwoko, yari azi y’uko abantu biwe bazopfa kuko yababwira ko batitanze ; bagahwera ata ntsinzi bazoronka n’aho bamwe mu biwe bamubaza, barira bariragurika ingene bizogenda kuri ayo mahano bateje mu Rwanda no kw’Isi ;

4. Hariho umunyakanadakazi yitwa Louise Arbour yari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare mpanavyaha y’i Arusha (TPIR) yari yateguriwe kwemeza ihonyabwoko abatsinzwe, gutyo bakazoboneraho kwica uwo wese Paul Kagame abona ko ari intambamyi ku gihugu ciwe. Birababaje rero kubona abo bantu babiri bongera kuvugwa mu Karere kabereyemwo ibara, bikaboneka ko bazanywe no kwuzuza umugambi wo gutembagaza ubutegetsi badashaka mu gihugu iki canke kiriya mu Karere na cane cane mu Burundi ;

dada

5. N’ikimenyamenya mu gihe bariko baratembera mu Karere, Komiseri Mukuru ajejwe ivyo agateka ka zina muntu muri ONU Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arakokeza ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ngo bariko barica abantu urubozo, kandi ngo harabafatwa bagapfungira ubusa ku banyeporitike, emama ! ngo abantu bariko baranyuruzwa, ngo Imbonerakure ziriko zirafata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, n’ayandi mabi menshi. Ivyo vyose bikaba biri muri wa mugambi mubi w’amarementanya begeka ku ndongozi z’Uburundi kugirango baronke aho bahera, baheze barungike ingabo zo gutera Uburundi no gutembagaze ubutegetsi badashaka nk’uko babikoze muri Libiya, Siriya, Iraq n’ahandi. Ni muri iyo nzira abo bahinga b’amarementanya n’amahonyabwoko agamije gutembagaza inzego zitorewe n’Abenegihugu barungitswe na ONU kugira baze kuraba neza ingene ivyabaye mu Rwanda arivyo vyokorwa mu Burundi canke n’ahandi hose bipfuza gutembagaza ubutegetsi mu karere. Umunyakanadakazi Louise Arbour, bica vyumvikana ko ajejwe kuba arategura amarementanya azosuka ku ndongozi z’Uburundi kugira baze bazijane muri ya sentare y’i Lahaye canke mu yindi sentare ;

6. Iki ciyumviro ntabwo ari indoto mbi kuko categuwe cane kugeza muri ONU. Muri ca cemezo c’Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 yo ku wa 29 Mukakaro 2016 ku ngingo yaco ya 17 ivuga ibi bikurikira : « Gasaba Amareta yo mu karere kureka abakozi n’abaporisi barungitswe na ONU mu Burundi bakishira bakizana hagati y’Ibihugu mu kwinjira no mu kuva mu Burundi mu gihe bazoba bagiye kurondera ibikoresho, ivyo kurya n’ibindi vya nkenerwa bazoba bakeneye kandi bigakorwa bidatevye ». Iyo ngingo iha uburenganzira budasanzwe izo ngabo ni nk’imwe Roméo Dallaire yakorerako muri MINUAR, igihe yaza arakura Inkotanyi ku Murindi azijana i Kigali. Biraboneka rero y’uko amayeri ariko arashaka gukoreshwa mu kuzana abaporisi 228 ba ONU i Bujumbura mu Burundi afise aho afatira kuko ariyo yakoreshejwe mu gushikana Paul Kagame na FPR yiwe ku butegetsi ibihugu vy’ Ububirigi, Ubufaransa, Ubuhorande, Amerika bikaba vyarafashije cane. Nk’uko abenegihugu bamaze kwiyamiriza izo ngabo mvamakungu, Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo nabo nyene barongeye kwemeza ko ata ngabo za ONU bashaka mu gihugu cabo, kuko imigambi yinyegeje inyuma ari iyo gusenyura ubutegetsi bwa CNDD-FDD na Reta yawo. Baboneyeho gusaba ko Ibihugu bizogenderwa n’abo bantu babiri twavuze, bitohirahira ngo vyemere ko ONU irungika ingabo muri kano Karere na cane cane mu Burundi. Roméo Dallaire na Louise Arbour ni inkwezi z’amarere ;

7. Ingingo ya 17 yinjijwe mu cemezo c’Akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 itihwejwe neza kuko yerekanye ico ako kanama gashaka gushikako ariko katashaka kwerekana ; karabacorotse kuko kaciye kerekana amarementanya bariko barakorera Uburundi nk’amwe yakorerwa Urwanda. Haradendekanijwe ko ngo Urwanda ari rutoya rutokwakira impunzi kugirango babone aho bahera kugira basenyure ubutegetsi bwari buhari. Muri Iraq Saddam Hussein yagirijwe ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda vyo kumara abantu kandi atari vyo, bahemutse bamugandaguye, Muri Libiya Muammar Khadaffi bamwagirije ngo ariko aramara abantu biwe kandi atari vyo bahemuka bamwishe, muri Siriya Bashar Al-Assad bamwagirije ngo agateka ka zina muntu ntikubahirijwe, baramutera uretse ko acihagazeko n’ubu, mu Burundi naho ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo bariko bategura ihonyabwoko kandi ari ibinyoma, n’ahandi n’ahandi. Nk’uko abakurambere bayamaze « uwugushakira inabi ntabura aho agukura”. Twihweje ibi vyose tuvuze aho haruguru, turibaza duti biri hehe vya bihugu vy’ibihangange muri Demokarasi ? Demokarasi yoba ivuga ko Igihugu cifise gihonyanga ibindi bihugu bitifise ? Agateka ka zina muntu koko ko umengo ni igikoresho c’ivyo bihugu vyifise kugira bikandamize ibihugu bitifise ? Vyakabonetse he aho ishirahamwe rya ONU ryitwa ko riharanira agateka ka zina muntu ari ryo rishigikira abashaka gutembagaza ubutegetsi ? Mbega iyo havuzwe ubutungane iryo shirahamwe ryishira hehe mu gihe ryahindutse igikoresho c’Ibihugu bimwe bimwe co kurementaniriza no gukandamiza ubutegetsi budashakwa. Ejo bitwaza Demokarasi none ubu naho bitwaza agateka ka zina muntu, ejo hazovumburwa ibindi, ariko ibiboneka muri rusangi ni uko ubutungane buhonyangwa n’ibihugu vyifise. Igihe cose ubutegetsi ubu canke buriya bushatse kuvugira Abenegihugu, ico gihugu gica giharirwa ivomo, kigatotezwa gushika bagisenyuye kandi aho hose nta tegeko mpuzamakungu na rimwe ridahonyangwa mu gihe ibihugu vy’ibihangange biharanira inyungu zavyo ;

8. Ubwa nyuma, Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko abo baporisi 228 ba ONU akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU kashaka kuzana mu Burundi si ako kuzana ineza na gato kuko hageze n’aho ibihugu vyinshi vyo kwisi duhereye kuri Angola, Venezuela, Egiputa, Ubushinwa, Uburusiya n’ibindi vyinshi vya Afrika bibonako Ubwigenge bw’Uburundi n’ukwikukira kwabwo bitubahirijwe kandi Reta y’Uburundi yategerezwa kugishwa inama igihe cose ako kanama kiga ibibazo vyose biburaba. Ntivyumvikana rero ingene igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gashigikira itembagazwa ry’ubutegetsi mu bihugu bimwe bimwe na cane cane Uburundi ugasanga n’ibihugu bimwe bimwe vyitwa ko vyateye imbere ugasanga nivyo vyama bitegekanya ugutembagaza intwaro mu bihugu bigendera kuri demokarasi. N’ubwo bidakunzwe kuvugwa, ivyo bihugu vyadutanguriye muri demokarasi, nivyo ahubwo biyica bikazotuma demokarasi isinzikara mw’Isi kubera inyungu ivyo bihugu birondera kugeza n’abo bisambura ibindi bihugu. Ikibabaje ni uko ata tegeko mpuzamakungu na rimwe bemera mu gihe ritaroresha ku nyungu z’ivyo bihugu. Abakunzi ba demokarasi bagaca bibaza bati « none bimaze iki kugiriranira amasezerano n’ivyo bihugu mu gihe biboneka ko ari amasezerano ahagaze ku nyungu zabo gusa ». Agateka ka zina muntu gafise insiguro imbere y’ivyo bihugu kwumviriza ababapfukamira, abaharanira agateka k’abenegihugu baboneka nk’ibicibwa. Ni muri iyo nzira Umugambwe CNDD-FDD uherutse kwumva ko abashatse gutembagaza ubutegetsi, bimaze kubata k’uwamazi bagahungira i Buraya baherutse kugira inama ngo yo kwica abanyamahanga bafise uruhu rwera kugirango bace babisuka ku Burundi hanyuma babonereho kurungika ingabo, Abafaransa nabo kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2016, basavye Abanyagihugu babo kugabanya ingendo mu gisagara ca Bujumbura ngo kuko hagiye kuba intureka, ivyo navyo akaba ari ikinyoma cambaye ubusa ariko bikagaragara ko uwo mugambi bawuteguriye hamwe kanatsinda ni nabo batanga amahera yo kugura ibirwanisho. None bahenda nde ?