Uruhigi rw’abanywanyi ba MSD rwasubiriye kwibonekeza

0

KWIZERA Gloriose, umunywanyi wa MSD yari asanzwe ariwe mukuru wa karitiye Kinindo yo mu gisagara ca Bujumbura yahagaritswe. Abaporisi bamufashe bamusanze muhira iwe. Umuryango wiwe ukaba utewe amakenga n’umutekano wiwe. KWIZERA Gloriose apfungiwe mw’igendereza ry’Uburundi i Bujumbura.

Ivyo bibaye mu gihe hari n’uwundi munywanyi wa MSD yahagaritswe kuri uwu wa gatanu nyene. Jean Claude Manirakiza yafashwe n’abantu batamenyekanye bamusanze imbere y’ihoteri « Le bouquet » iri mu gisagara ca Bujumbura, bakaba bamutwaye mu kibanza kitaramenyekana.

Uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe MSD rusa n’urwasubiriye kwibonekeza kuva mu mwaka w’2015, aho babandanya gufatwa, bamwe mu bafashwe bakaburirwa irengero, abandi nabo badapfungirwa mu busho butandukanye.

ll

Tubibutse iyicwa bunyamaswa ry’umunyamabanga w’uwo mugambwe muri zone ya Cibitoke, Charlotte Umugwaneza yatowe ikiziga, aho akaba ari mu gihe yari yafashwe n’abantu batari bamenyekanye.