Urugo rwa Musitanteri wa komine Gihanga rwatewe

0

Abantu bataramenyekana bateye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane ku rugo rwa Musitanteri wa komine Gihanga intara ya Bubanza. Ku rugo rwa Leopold NDAYISABA, Musitanteri wa komine Gihanga hatewe Gerenade, ariko akaba ataco yononye, nk’uko vyemezwa n’uwo Musitanteri.

Iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, abayiteye bakaba bayicishije hejuru y’urupangu.

Abaporisi bacunga ubuzima bwa Leopold NDAYISABA, Musitanteri wa komine Gihanga baragerageje gukurikirana abo bateye, ariko bakaba batashoboye kubafata.