Bujumbura : Amazu agize uruzitiro rw’ishure Stella Matutina yabomowe

0

Amazu y’ubudandaji yahora yubatswe ku ruzitiro rukikuje ishure rya Stella Matutina ry’i Bujumbura yabomowe yose n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA, ari nawe yahagarariye ivyo bikorwa vyabaye kuri uwu wa gatanu, yamenyesheje ko ubuyobozi bw’ishure Stella Matutina bwari bwagabishijwe kenshi ko bwohagarika ivyo bikorwa vy’ukwubaka ayo mazu y’ubudandaji (Boutiques) ku ruzitiro rw’iryo shure, ariko iyo ngingo ntiyashirwa mu ngiro. Abarongoye igisagara ca Bujumbura bavuga ko ayo mazu yariko yubakwa mu kibanza atategerezwa kwubakwamwo, kandi ko n’amategeko agenga iyubakwa mu gisagara ca Bujumbura atubahirijwe.

Ico gikorwa catanguye nk’igihe c’isaha zitandatu (12h), kikaba casozerewe isaha icenda n’iminota mirongo itatu.