UPRONA ngo ntabiganiro bihuza abarundi izokwitaba

0

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishamirirongowe na Karori Nditije ,Tasiyano Sibomana amenyesha ko uwo mugambwe utazokwitaba ibiganiro bihuza abarundi bitegekanijwe gutangura kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016,kuko ivyo biganiro bidashobora gutorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi.

arton15471-cf25e

Tasiyano Sibomana amenyesha ko UPRONA irongowe na Karori Nditije idashobora kwitaba ibiganiro bitunganijwe n’umurwi CNDI kuko utemera uwo murwi. Avuga ko bidakenewe kumara amasaha,iminsi n’amezi baganira kuko ibizova mu biganiro bizoza bihuye n’ivyo umugambwe CNDD-FDD ushaka.

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije amenyesha ko atewe impungenge n’uko umurwi CNDI uzogenzura ibwirizwa nshingiro,amasezerano ya Arusha,amasezerano y’ubumwe bw’abarundi n’amasezerano yo guhagarika intambara. Avuga ko atinya ko bishobora guhindurwa ata kuganira kubaye.

karoli

Tasiyano Sibomana amenyesha ko ari ngombwa ko ibibazo bitorerwa inyishu,kandi bitegerezwa kuganirwa n’abanyapolitike bose,abarundi n’abafasha Uburundi. Avuga ko ibiganiro bishobora gutunganywa umwanya wose,ariko atarivyo bizotorera inyishu ikibazo c’Uburundi.