Burundi: Abamenyeshamakuru basabwa gutanga amakuru atohoje neza bakirinda kuvuga ivyocanishamwo abarundi.

0

Mu nama umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru ” Bankumukunzi ” yakoranye nabamenyeshamakuru, we yibukije abaserukira ibinyamakuru n’abarongozi bavyo ko imbere y’ukuba umumenyeshamakuru bo ubwabo ari Abarundi, kubwivyo ngo ntaco bimaze gutanga inkuru zityoza igihugu cawe.

bankumunzi

Bankumukunzi avuga ko uravye kwisi yose hamwe no mu bihugu vya rutura , abamenyeshamakuru ngo ntibapfa gutanga amakuru ayariyo yose ku gihugu cabo, na cane cane baravye ingaruka ashobora kuzana ku gihugu ariko kandi we yibukije ko kitazira kuvuga ukuri mugihe umuntu yagutohoje neza.

press

Muriyo nama, uwo mushikiranganji avuga ko kugira uburundi bwogorore, abamenyeshamakuru nabo babifisemwo uruhara rukomeye kuko ngo igikorwa bakora atarico gufata minenerwe.

UBM News tubibutse ko Iyi nama ibaye iya mbere umushikiranganji Bankumukunzi agize kuva agiye mu mabanga mu kwezi k’umunani umwaka uheze.