UPD ZIGAMIBANGA yavuye mu runani CNARED

0

Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA wavuye mu runani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yiyemeje guharanira iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bamenyesheje ko bavuye muri urwo runani kubera babona badaserukiwe neza kandi badahabwa ikibanza gikwiye mu ngingo zifatwa.

Uwo mugambwe UPD ZIGAMIBANGA wikuye muri CNARED inyuma y’aho na Hussein Radjabu amenyeshereje ko atakiri muri urwo runani.

pd

Tubamenyeshe kandi ko na Frederic BAMVUGINYUMVIRA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu, yatanze imihoho mu mabanga yari ashinzwe muri CNARED.

Mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, Frederic BAMVUGINYUMVIRA yahora ajejwe amabanga akomeye y’ibibazo vya poritike muri urwo runani, akaba amenyesha ko yatanze imihoho muri ayo mabanga.

BAMVUGINYUMVIRA ashikiriza ko yamenyesheje umugambwe wiwe SAHWANYA FRODEBU kugira ugene uwundi azomusubirira muri ayo mabanga yahora afise muri CNARED.

N’aho biri uko, Frederic BAMVUGINYUMVIRA amenyesha ko akiri muri urwo runani CNARED naho yatanze imihoho mu mabanga yahora ajejwe.