Empire House niyo label nshasha ya Sat-B

0

Bizimana Aboubackar Karoum abenshi bazi kw’izina rya Sat-B agiye gutanguza Label yiwe yitwa Empire House nkuko yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru cacu ubmnews
empire house
Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnnews,uyo muririmvyi,umwanditsi w’indirimbo”Nyanzobe” ariwe Sat-B akaba yarashoboye kutumenyesha ko Empire House ari Label ije gufasha abaririmvyi b’abarundi bafise ingabirano yo kuririmba mu kubateza imbere no kubamenyekanishiriza ibikorwa vyabo,Sat-B akaba yabandanije avuga ko hariho abaririmvyikazi 2 bamaze no gutangurana gukorana,abo nabo ni Miss Erica hamwe na Lucia,abo rero bakaba aribo bashoboye gutangurana niyo Label y’umuririmvyi Sat-B

Tworangiza tubamenyesha ko n’indirimbo ya Sat-b arikumwe nabo bigeme babiri yamaze gukorwa hasigaye gusa ko ija ahabona