Kirundo : Umucamanza apfunzwe yagirizwa gutuka umukuru w’igihugu

0

Umucamanza azwi kw’izina rya ldephonse NDUWIMANA akora kuri sentare nkuru yo mu ntara ya Kirundo ari mw’ibohero yagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.

Uwo mucamanza yafashwe kuri uwu wa gatandatu, akaba yategerewe ariko arataha, afatwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ziri kumwe n’umuporisi umwe.
baca

Amakuru dukura aho mu ntara ya Kirundo avuga ko uwo mucamanza yafatanwe inzandiko zidateyeko umukono (tracts) zanditseko amajambo y’ugutuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ayo makuru nyene akavuga ko hari n’izindi nzandiko yoba yari yamaze gukwiragiza mu mihingo itandukanye igize umurwa mukuru w’intara ya Kirundo.

Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho ka parake y’intara ya Kirundo, aho bivugwa mbere ko yakubiswe bikomeye n’izo Mbonerakure za CNDD FDD zamufashe, ziri kumwe n’uwurongoye urwo rwaruka mu ntara ya Kirundo.

Kuri uwu w’Imana akaba ariho Ildephonse NDUWIMANA yumvirijwe ubwa mbere n’ubutungane, mu nyuma akaba yaciye yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, aho apfungiwe yagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.

Tubamenyeshe ko hari n’umumenyeshamakuru umwe w’ikinyamakuru OXIMITY NEWS co mu Bwongereza, azwi kw’izina rya Julien BARINZIGO, akaba apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura. Uwo asanzwe ari n’umwigisha kw’ishure ryisumbuye ryo muri komine Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura yagirizwa ko ariwe yabwiye abanyeshure bo kuri iryo shure ko bosibanganya isanamu y’umukuru iri mu bitabu bakoresha mw’ishure.