Umwiherero Reta y’Uburundi yatanguye woba ugamije iki ?

0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yatanguje ku mugaragaro umwiherero w’abagize Reta y’Uburundi, ni ukuvuga abashikiranganji bose hamwe n’ivyegera uko ari bibiri vy’umukuru w’igihugu.

Uwo mwiherero uzomara iminsi ibiri uriko ubera muri zone Songa, komine Gitega, intara ya Gitega nyene.

Muri uwo mwiherero uzomara iminsi ibiri, hatumiwe kandi n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bwose bwa Reta y’Uburundi.

Uwo mwiherero utunganijwe mu gihe umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko ivyo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yiyemeje mu mwaka 2010 ko atazokwihanganira abarya igiturire atabishitseko. Inyuma y’imyaka indwi umukuru w’igihugu atangaje umugambi wa “Tolérance Zéro a la Corruption”, mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ahubwo ko igiturire camaze kuba nk’umugenzo mu Burundi hamwe no mu nzego za Reta.

Mu kiganiro yaheruka gutanga ku bamenyeshamakuru, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yari yasavye ko Reta y’Uburundi yohaguruka ikarwanya ico giturire muri PARCEM bavuga ko ciziziye bamwe mu bategetsi bakomeye ba Reta y’Uburundi.

Ibizova muri uwo mwiherero tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.