Mpanda : Abantu batanu bafashwe n’igiporisi

0

Abantu batanu bo muri zone Nyamabere, komine Mpanda, intara ya Bubanza bari mu minwe y’igiporisi kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu.

Abo bantu bafashwe inyuma y’aho hatowe ikiziga c’umuntu yishwe aciwe umutwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu.

Ico kiziga catowe muri ako karere nyene kafatiwemwo abo bantu, zone Nyamabere, komine Mpanda, intara ya Bubanza, kw’ibarabara rya cumi na rimwe.

Abajejwe intwaro muri komine Mpanda bemeza ko uwo yishwe ataramenyekana, kandi ko abo bafashwe ari ku mvo z’amatohoza.