Aba Scouts b’Abaganda bankiwe kwinjira mu Burundi bigaragaza ko hari ikibazo muri EAC.

0

Ku musi wa mbere, hari umugwi w’abakinyi baba Scouts bariko bava mu Buganda baje mu Burundi mu nkino zari zitegekanijwe kubera mu gihugu hagati mu ntara ya Gitega zitegekanijwe kuba kuva itariki 17 kigarama guyshika 22 Kigarama 2018.

Iki kibazo kikaba cerekana ko hari ikibazo ku buyozbozi muri EAC nk’uko bamwe babivuga. Abo ba Scouts bo Mu Buganda birukanwwe bakaba bamenyesheje ko ‘ata cizere bagisfise mu nzego za EAC’.

Inzego zijejwe uruja n’uruza mu Buurndi ku mupaka i Kobero mu ntara ya Muyinga bamenyesheje ko abo ba Scouts bo mu Buganda bari baje bazanye inkoho zo mu bwoko bwa Pistolets maze banka kuzishiriza abajejwe umutekano imbere y’uko binjira mu Burundi.

https://twitter.com/TalentAhereza/status/1075330989889593344

Bamaze kwanka kuzishirikiza, niko guca basubizwa inyuma ntibinjira mu Burundi. Iyi nkuru ikaba yasobanuwe ukwo nyene n’abashingamateka b’Abarundi mu nama nbashinagamateka ya EAC ariyo EALA.

Ikinyamakuru kimwe co mu Buganda, Red Pepper, kikaba camenyesheje ko ‘Ubuganda butazokwihanganira ukwo gusuzugurwa’.

Ivyo bishitse mu gihe hagize imisi icuka kibi hagati ya leta y’i Bujumbura na leta ya Kampala ku nyandiko z’ibanga hagati ya Nkurunziza na Museveni zagiye ahabona, maze leta y’Uburundi ita amakosa kuri Uganda ko ariyo yakwiragije izo nyandiko z’ibanga.