Umwe mu bayobozi ba REGIDESO yaciriwe gupfungwa imyaka 10

0

Sentare ijejwe kurwanya igiturire yaciriye kuri uwu wa gatanu umunyororo w’imyaka cumi hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo itanu Arcade MISAGO yahora ajejwe akarere k’ubumanuko mw’ishirahamwe REGIDESO rijejwe guhingura n’ukudandaza amazi n’umuyagankuba.

Uwundi yaciriwe urubanza na Sentare ijejwe kurwanya igiturire ni umurwizatunga azwi kw’izina rya Onesphore NKUNZIMANA yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo ibiri na bitanu (25.000 Frs Bu).

Abo babiri bagirizwa ko bivye ibikoresho vy’ishirahamwe REGIDESO vyafatiwe ku rugo rw’uwo murwizatunga muri karitiye ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.