Uburundi, Ubushinwa, Kongo mu vyatumye USA Iva mu Murwi wa ONU Ujejwe agateka ka zina muntu.

0

Mu rwandiko rwagiye ahabona ejo ku musi wa kane, ibiro vy’umukuru w’igihugu wa leta Zunze Ubumwe za Amerika vyaratanze impamvu zatumye Igihugu c’igihangange kw’isi nka Amerika kiva mu murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Imwe mu mpamvu mu zatumye USA iva muri UN Human Rights Council nuko leta ya Amerika iyobowe na Donald Trump yasavye uwo murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ko wokwigenza nk’uko izina ryawo riri, kandi ukungene ukora bigahinduka.

White House iravuga ko Umurwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu wananiwe gushitsa ivyo usabwa vy’ukuri, ahubwo ko ukingira ikibaba ibihugu bihonyanga agateka ka zina muntu, kandi ko uwo murwi wa ONU wagiye mu ba mbere mu bavuga nabi igihugu ca Israel.

Itangazo rya Ameriia ryagize riti: “Ibihugu bitubahiriza agateka ka zina muntu biratorwa maze bikaja mu murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, gutyo bigaca bituma bikora uko vyishakiye kubera vyitwa ko biri muri uyo mugwi”.

Amerika iravuga uburorero bw’ibihugu nk’Uburundi, Venezuela, Cuba, Ubushinwa na Repubulika iharanira demokarasi ya Congo biri muri uwo murwi ariko kandi bigahonyanga agatake aka zina muntu.