Monday, September 26, 2022
HomeNewsUmuyobozi ajejwe ivyigwa yagirizwa gushurashuza umunyeshure wiwe

Umuyobozi ajejwe ivyigwa yagirizwa gushurashuza umunyeshure wiwe

Umuyobozi ajejwe ivyigwa kw’ishure shingiro rya komine Musongati, intara ya Rutana akwije iminsi umunani ari mw’ibohero, yagirizwa ko yafashe umunyeshure wiwe mu ndwi iheze.

Uwo muyobozi ajejwe ivyigwa yafashwe n’abanyagihugu mu gihe hari mu gatondo, afatwa asotse mu nzu uwo mwigeme yigisha yabamwo, aho yari yaraye. Uwo munyeshure yari yaraye muri iyo nzu ari wenyene, kuko se yari mu rugendo i Bujumbura, nyina nawe akaba asanzwe aba mu Gihofi, intara ya Rutana nyene.

Inyuma y’ugufatwa n’abanyagihugu, uwo muyobozi ajejwe inyigisho kw’ishure shingiro rya komine Musongati yaciye ashikirizwa abaporisi, abo nabo bamushikiriza inyamiramabi kugira amatohoza akorwe.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...