Igitoro casubiye kuba umuzi w’ibuye mu gisagara ca Bujumbura.

0

Mu gisagara ca Bujumbura, igitoro casubiye kuba umuzi w’ibuye aho hibonekeza imirongo minini cane ku ma stations mu gisagara ari mu gisagara ca Bujumbura.

Iryo kena ry’igitoro rikaba rimaze hafi indwi yose ryibonekeza mu gisagara aho usanga hibonekeza ingaruka zitari zike kw’iterembere ry’igihugu.

Ibitoro vyomu bwoko bwa Essence na gasoil bisigaye bitaboneka mu mastations menshi mu gisagara ca Bujumbura.

Imirongo minini iribonekeza ku kibanza co mu gisagara hagati y’abiyunguruza n’amabisi yunguruza abantu mbere no ku murango kubera usanga ama bisi ataboneka ngo yunguruza abantu bataha bava mu gisagara hagati canke baja mu gisagara hagati.

Ku ma stations aba yaronse igitoro co mu bwoko bwa Essence, usanga imirongo y’imiduga ari miremire

Abafise imduga bamwe bamwe barasaba cane ko abajejwe amasoko ntanganguvu mu Burundi harimwo n’igitoro bofata iki kibazo mu minwe kugira hatorwe umuti.

Umushoferi umwe yamenyseheje ati: “Birateye isoni kubona nazindutse isaha 12 zo mu gitondo ndondera igitoro, ndondera ku ma stations ashika kuri ane ndabura n’igitoro c’umuti”.

Hari n’abajejwe ama stations bamenyesha ko haheze hafi amayingi abiri ata gitoro baronka.

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura barafise ubwoba ko ibiciro vy’ibifungurwa bigiye kuduga kubera ko amamodoka yabikura mu ntara zo hagati mu gihugu zakoresheje ico gitoro nyene cabaye umuzi w’ibuye.