Umutekano w’umwe mu bashingamateka bo kwa RWASA Agathon urabangamiwe

0

Umushingamateka Bizumuremyi Pascal yatowe ku ruhande rw’urunani y’Amizero y’Abarundi uruhande ruyoboka umushingamateka Agathon Rwasa avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe n’abo yita imbonerakure n’abakozi b’iperereza.

pp

Uwo mushingamateka avuga ko Buramatari w’intara ya Ruyigi, Hassan Abdallah yoba ari inyuma y’abamubuza amahoro. Uwo mushingamateka avuga ko musi w’Imana uheze, haje umukozi wo mw’iperereza amufata amasanamu aho yamusanze mu kabare, amubajije igituma abikoze amubwira ko ariko kazi kiwe ata bindi yomubaza.

Uwo mushingamateka aremeza ko kumuburabuza atari ivy’ubu, kuko no mu kwezi kwa kane yagiye kugarukira ku bantu bari babuze ababo muri komine ya Gisuru batewe n’abagizi ba nabi. Ico gihe, avuga ko igiporisi camubujije kubagarukirako.

Hassan Abdallah aramutswa intara ya Ruyigi asigura ko uwo mushingamateka yihaye gukoresha amanama yo mu mu kinyegero. Buramatari Abdallah avuga ko adashobora kumwihanganira kuri iyo ngendo kuko biri mu bishobora guteza umutekano muke mu ntara arongoye.

Buramatari Abdallah amenyesha ko mu gihe cose yoshaka kugirisha inama nk’uwatowe kuba umushingamateka yohabwa uburenganzira, ariko yabanje kubimenyesha.