Umusirikare w’Umurundi muri Centrafrique yaguye mu mutego w’abitwaje ibigwanisho.

0

Umusirikare w’Umurundi muri Centrafrique yaguye mu mutego w’abitwaje ibigwanisho ari mu rwego rwa ONU arirwo MINUSCA ruhagarariye amahoro n’umutekano murico gihugu ciganziwemwo n’abitwaje ibiganisho kuva mueri 2013 bivuye ku ntureka zadutse hagati yabanyagihugu.

Itangazo rya MINUSCA rimenyesha ko uwo ‘musirikare w’umurundi yaguye mu mutego w’abitwaje ibigwanisho witwa “anti-balaka” vyabaye ku mugoroba wo kuri uyu wa kane muri iyi ndwi maze MINUSCA ica ibishira ahabona ejo ku musi wa gatanu mw’itangazo’.

Rikabandaya rimenyesha ko ‘abitwaje ibigwanisho bateye umugwi w’abasirikare ba MINUSCA bari bacungereye umutekano w’imodoka y’uwuhagarariye MINUSCA’ aho muri Centrafrique…niko guca barwa mu mutego watezwe n’abarwanyi ba Anti-balaka’.

Iyo sanganya ikaba ihitanye umusirikare wa gatanu uyu mwaka mu rwego rwa MINUSCA muri Centrafrique. Igihugu ca Centrafrique kikaba caguye mu ntureka zishingiye ku moko n’amadini mu mwaka wa 2013 biturutse kw’ikomborwa ku butegetsi ry’umukuru w’igihugu ico gihe, Francois Bozize, yari umukirisu, maze bica bituma haba inzankano hagati y’abakirisu n’abisilamu muri icogihugu gushika nubu.

Umurwi wiyita Anti-balaka ukaba ugizwe n’abiyita ko ari abakirisu, hama uyundi mugwi uhanganye nawo uka wiyita Seleka uhurikiyemwo aba islamu.

Stephane Dujarric , umuvugizi w’umunyabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, akaba yamenyesheje ko ‘umunyamabanga wa ONU Guterres ahojeje Uburundi hamwe n’umuryango wabuze’ bivuye kuri iyo sanganya.