HCR yavuye mu gacerere yarimwo ku bijanye n’ikibazo c’impunzi z’Abarundi muri Tanzaniya.

0

Inyuma y’uko habaye ihimiriza rikaze rikorwa na leta ya Tanzania ku mpunzi z’abarundi zishika hafi 300 000 mu gihugu ca Tanzania ko zohunguka mu gihugu c’amavukiro, ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, ariryo HCR, ryavuye mu gacerere Maze rimenyesha ko ‘impunzi z’abarundi zitegerezwa gutaka ku bushake kandi mu buryo bushemeye’.

HCR hamwe n’ayandi mashirahamwe yita ku mpunzi ariko asaba cane leta ya Tanzania kwama yibuka ubwakiranyi bwayo maze igatuma impunzi z’Abarundi zihunguka ku bushake bwazo ata gusunikwa kurimwo.HRC isubirwamwo imenyesha ko ‘impunzi iyo ariyo yose ifise uburenganzira bwo guhitamwo guhunguka kandi ni ryari yohunguka hisunzwe amahitamwo yiwe’.

Volker Türk, umwunganizi w’umuhagarikizi wa HCR, yamnyesheje ati: “Birahambaye cane kudahata impunzi z’Abarundi ngo zitahuke biciye ku buryo buboneka canke butibonekeza ku bijanye nogufata ingingo yo guhunguka”.

Ivyo akaba yabivugiye mu rugendo aherukamwo muri Tanzania mu nkabi ya Nduta aho yayaze n’impunzi ku bibazo bibahanze. ” HCR ntiriko iremesha ihunguka mu Burundi muri kino gihe, ariko tubandanya dukorana na leta y’Uburundi hamwe n’ibihugu bihaye indaro impunzi, harimwo na Tanzania, gufasha barya biyumvamwo ubu guhunguka mu gihugu c’amavukiro, niko Volker Türk yongeyeko.

HCR ikaba kandi ihamagarira amakungu kubandanya afasha impunzi z’abarundi ibihumbi ziro hanze y’igihugu hamwe n’uburyo bwo gufasha abahungutse. HCR ikamenyesha ko ubu gusa hariho ibice 12 kw’ijana vy’amafaranga ashika ku madolari y’abanyamerika imiliyoni 391 akenewe kugira ngo izo impunzi zitabweho mu buryo bukwiye.