Abanywanyi icenda b’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA bafashwe

0

Abanywanyi icenda b’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA mu ntara ya Makamba bari mu minwe y’igiporisi kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, mu giporisi bakaba babagiriza kugira inama mu kinyegero batasavye uruhusha abajejwe intwaro.

Inyuma y’ifatwa ry’abo bantu ku murwa mukuru w’intara ya Makamba, babanje kwumvirizwa na Parake nkuru y’iyo ntara, mu nyuma bamanukanwa mw’iperereza i Bujumbura.

Amakuru atangwa n’abegereye abo bafashwe avuga ko boba bagirizwa ko badashigikiye uburongozi buhari bw’uwo mugambwe UPD-ZIGAMIBANGA usanzwe mbere waracitsemwo amashami abiri, rimwe ryegamiye ubutegetsi rirongowe na Abdul Kassim NIZIGIYIMANA, hamwe n’irindi shami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rirongowe na Chauvineau MUGWENGEZO abarizwa ubu mu buhungiro.