Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu wamenyesheje ko ukengurukira Urwanda kuba rwarafashije uMurwi wagenywe na ONU ngo ukore amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi.
Uwo mugwi wa ONU ujejwe agateka aka zina muntu (UN Human Rights Council) wamenyesheje ko Urwanda rwagize neza mu kureka ko umugwi wagenywe ukora akazi kawo uri ku butaka bw’igihugu c’Urwanda.

Ariko avuga ijambo mu nama ya 39 i Geneve aho ejo haramutswe hashikirizwa ca cegeranyo giheruka kwiyamirizwa na leta y’Uburundi, Doudo Diene, uwurongoye uwo mugwi wa ONU ukora amahotoza ku Burundi, yarakengurukiye ibihugu nka Rwanda, Ububiligi,Ubuganda, RD kongo na Tanzania vyafashije kugira ngo uwo murwi ukore igikorwa cabo co gutohoza amakuru ku mabi yakozwe mu Burundi.
Doudou Diene yasiguye ati: ” Amatohoza yacu aramaze kwegeranya ibimenyamenya 400 vyashizwe ahabona n’abashikiwe n’amabi canke ivyabona babonye uko agateka ka zina muntu gahonyangwa haba hanze y’Uburundi canke mbere mu Burundi…”.
Doudou Diene akaba yamenyesheje ko umurwi wa ONU ukenguruka cana ku bihugu vyaterereye kugira go amatohoza yavyo agende neza.





Recent Comments