Bujumbura : Abanyamahanga babiri bafatanwe ibirwanisho

0

Inkoho nshasha yo mu bwoko bwa Kalashnikov yafashwe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, ku rugo rw’abahindi babiri baba muri karitiye ya Kabondo, hafi ya Sabemeli, mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi bamenyesha ko iyo nkoho yafashwe iri kumwe n’ibikono (Chargeurs) indwi vy’amasasu, muri ivyo bitandatu vyari vyuzuye, ic’indwi kikaba naco carimwo amasasu 15.

Nk’uko mu giporisi babandanya babimenyesha, iyo nkoho yari inyegeje muri « Plafond », abajejwe umutekano bakaba bahawe amakuru n’abanyagihugu bari bamenye ko abo banyamahanga batunze inkoho.

Abo bahindi (indiens) babiri bafatanwe iyo nkoho baciye batabwa muri yompi, ubu bakaba bariko barakorerwa idosiye kugira bashikirizwe ubutungane.