Umunyororo yishwe mw’ibohero rikuru rya Gitega

0

Umwe mu banyororo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega yishwe arashwe n’umuporisi ari mu bacunga iryo bohero, mu gihe yariko agerageza gutoroka ava muri iryo bohero.

cei

Uwo munyororo yarashwe yari asanzwe afise uburwayi bwo mu mutwe, ariko amakuru ava aho mw’ibohero rikuru rya Gitega akavuga ko uwo muporisi atari abizi.