Umuntu umwe yiciwe mu Buterere abandi munani bakomerekera mu Kinama

0

Abantu baharurwa mu munani nibo bakomerekeye mu gitero ca gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu muri zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bishikirizwa na Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi, ico gitero cabaye igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu z’ijoro, kikaba cabereye mu bunywero buri kw’ibarabara rya kabiri, muri karitiye Bururi ya zone Kinama, komine Ntahangwa, mu burarauko bw’igisagara ca Bujumbura.

buter

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko muri abo bantu munani bakomeretse, bane muribo baremvye cane, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe i Bujumbura.

Uwundi muntu umwe niwe amaze kumenyekana ko yahitanwe na gerenade zatewe muri zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu. Abataramenyekana igitigiri nabo bakaba bakomerekejwe n’izo gerenade zatewe n’abantu batamenyekana.