Umuntu umwe yishwe akubiswe isuka mu mutwe

0

Hari umuntu yishwe kuri uwu wa kabiri akubiswe isika mu mutwe na mwenewabo, aho akaba ari mu gisagara ca Gihanga intara ya Bubanza, nk’uko vyemezwa n’igiporisi. Uwakoze ico caha yaciye ahunga, mu giporisi bakamenyesha ko ariko araronderwa.

Uwo yishwe ni Alfred NIMBONA yaba kw’ibarabara ry’indwi, akaba yishwe na murumunawe yamukubuse isuka mu mutwe, ababanyi biwe bakamenyesha ko imbere y’uko ubwo bwicanyi buba, muri uwo muryango hari hiriwe amatati y’itongo abagize uwo muryango bari bagurishije mu ntara ya Muramvya, mu nyuma ntibumvikana kw’ikoreshwa ry’amafaranga yavuye mw’igurishwa ry’iryo tongo.

SABUSHIMIKE Zaburoni yagirizwa ubwo bwicanyi n’ubu ariko araronderwa n’igiporisi muri iyo ntara ya Bubanza.