Intumwa z’umuhuza Benjamin MKAPA zitezwe mu Burundi

0

Intumwa z’umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin William MKAPA zitezwe mu Burundi ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 17 Myandagaro 2018. Amakuru atangwa n’ibiro vy’umuhuza MKAPA avuga ko ikizanye izo ntumwa ari uguhura n’abanyeporitike baserukira imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi. Ayo makuru ariko ntatomora ivyo izo ntumwa za MKAPA zizovugana n’abo banyeporitike.

Izo ntumwa z’umuhuza zije mu Burundi mu gihe Reta y’Uburundi ivuga ko itazokwemera gusubira kwitaba ibiganiro bibera hanze y’Uburundi. Kubwa Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ibiganiro vy’i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya vyarasozerewe, igisigaye ni ukuganirira mu Burundi ku bibazo vyoba bigiteye impari abanyeporitike, kugira amatora yo mu mwaka w’2020 agende neza.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi babandanya ku bwabo kuvuga ko umuti w’ibibazo vya poritike y’Uburundi ata handi wova atari mu biganiro bibera i Arusha, bihagarariwe n’umuhuza MKAPA. Tasiyano SIBOMANA wo muri UPRONA itemewe n’amategeko avuga ko ivyo biganiro bibereye mu Burundi, abanyeporitike bahunze boba bakumiriwe.