Umugambwe RANAC ‘wiyemeje guhangana na CNDD-FDD mu matora ya 2020’.

0

Imigambwe mu Burundi imwe imwe yatanguye kwitangaza ko izokwitaba amatora mu mwaka wa 2020 kugira yiyemeze neza ko umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi ubu, CNDD-FDD utabandanaya utwara igihugu c’Uburundi ‘ibihe vyose’.

Umugambwe RANAC Imboneza( Rassemblement National Pour le Changement mu gifaransa) watangaje biciye kumuvugizi wawo, Georges Nikiza, ko witeguriye guhanagana n’umugambwe CNDD-FDD mu matora ya 2020.

Umugambwe RANAC Imboneza wiyemeje guhangana n’umugambwe CNDDD-FDD mu dusandugu tw’amatora ya 2020, naho hoza iki. Nta kurekera CNDD-FDD gusa urubuga rwa politike, naho hoba intambamyi zimeze gute CNDD-FDD yodushiriraho”, niko Georges Nikiza yamenysheje.

Georges Nikiza akaba yamenyesheje ko RANAC imboneza yishimira ukuntu umugambwe wiwe uhagaze mu ntara zitandukanye z’Uburundi, aho ‘abanywanyi nyakuri’ bitabira ibikorwa vy’uwo mugambwe.

Georges Nikiza akaba yamenyesheje kandi ko ‘urupapuro rw’inzira ku bw’amatora ya 2020 rudahambaye cane gusumba ibiganiro bizoba ku kuntu amatora azogenda mu 2020’.

” Naho nyene, mu gihe umugambwe CNDD-FDD wokoresha inguvu, hazoba hasigaye kuraba uko amajwi yacu atokwibwa”, niko Georges Nikiza amenyesha.