Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga mu kiyaga Tanganyika

0

Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu muri zone Gatete, komine hamwe n’intara ya Rumonge. Ico kiziga cabonetse ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, abarovyi akaba aribo bakibonye ubwa mbere.

Nk’uko bivugwa n’abo barovyi babonye ubwa mbere ico kiziga, cari camaze gutangura gusanguka, bikaboneka ko coba cari kimaze iminsi mu mazi ya Tanganyika.

Abaporisi baciye bihutira muri ico kibanza catowemwo ikiziga kugira batanguze amatohoza, bongere bakure mu mazi uwo muntu yagandaguwe n’abantu bataramenyekana.